Uko wahagera

Perezida Trump na Putin Bavuganye kuri Telefone


Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donalr Trump na perezida w’Uburusiya, Vladimir Putin bavuganye kw’itelefone uno musi ku musi wa kabiri.

Nibwo bwa mbere bavuganye kuva Uburusiya bwiyamirije igitero c’igisirikare ca Amerika kibaye muri Siriya mu kwezi guheze. Ico gitero cari ic’ukwishura ku gitero inteko za Siriya zagize ku basivile, zikoresheje ibirwanisho vyicisha imyuka y’ubumara.

Abo bategetsi babiri baganiye ku ngwano yo muri Siriya, hamwe n’ukugene ibintu vyifashe muri Koreya ya ruguru. Ibiro vya Perezida Trump, Maison Blanche bitangaza kw’ivyo biganiro vyagenze neza.

Abo bategetsi bumvukanye ko bazosaba abaSsikiranganji bajejwe imigenderanire b’ibihugu vyabo kunyarutsa ibiganiro ku masezerano y’uguhagarika ingwano imaze imyaka itandatu muri Siriya.

Abo bategetsi bompi bahuriye ku vy’uko ububabare bw’abanyasiriya bumaze igihe kirekire, ko bategerezwa gukora uko bashoboye kwose kugira bahagarike uruhagarara n’ubwicanyi muri Siriya.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG