Uko wahagera

Kwitegurira Inteko Nshasha za ONU i Juba Bigeze Kure


Abasirikare ba ONU muri Sudani y'Ubumanuko

Umurwi wa ONU muri Sudani y’ubumanuko, utangaza ko umurwi w’abubatsi bariko barategura umuzo w’inteko 4000 k’umurwa mukuru Juba bazoba bagiye gucungera umutekano w’abasivile.

Reta ya Sudani y’ubumanuko yo imenyesha ko yiteguye kwakira izo nteko mugihe zizoba zigizwe n’abasirikare b’abanyafrika kandi baturuka mubihugu bibanyi.

Urwandiko rwasohowe na ONU mu mpera z’indwi iheze, ruvuga ko izo nteko zizoba zirongowe na jenerali, Jean Mupenzi, aturuka m’u Rwanda kandi ko zizosubirira abandi basirikare bayo bari I Juba bakazoca bimurirwa mubindi bice bisinzikajwe n’intambara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG