Uko wahagera

EAC: Amafranga yo mu Ngendo Zidasiguritse Yaziganijwe


Ambasaderi Liberat Mfumukeko, umunyamabanga mukuru wa EAC

Ibiro bikuru vy’umuryango w’Afrika y’ubuseruko vyatangaje kw'umugambi wo gutubika umukanda watangujwe mu mwaka uheze wamaze gutanga inyishu nziza. Uwo mugambi n'uw'ukugabanya uburyo bukoreshwa mu bisata vyose.

Igista caziganije uburyo bwinshi n’ikijanye n’ingendo zikorwa. Murizo harimwo iz'abakozi b’uwo muryango w’Afrika y’ubuseruko canke iz'uwo muryango urihira abo bikorana baja mu manama atandukanye kw'isi.

Ibiro bikuru vy’uwo muryango bivuga ko kuva mu kwezi kwa 5 umwaka uheze w’i 2016, hakoreshejwe amahera ari munsi y'ayari yakoreshejwe mu kiringo nkico kuva mu mwaka wahera.

Ubu buryo bwakoreshejwe mu ngendo bungana n’imilioni zirenga gato 9 z’amadolari y’Amerika, n’ayarenga gato imiliari 23 y’amarundi. Ni mu gihe mu kiringo nkico kuva mu kwezi kwa 5 umwaka w’i 2015 gushika mu mwaka w’i 2016 hari hakoreshejwe imilioni 12 n’igice z’amadolari y’Amerika.

Uwo muryango umenyesha ko washoboye kuziganya hafi imilioni 3 n’igice z’amadolari y’Amerika, ni hafi imiliaridi 9 y’amarundi.

Mu minsi iheze, umunyamabanga mukuru w’umuryango w’Afrika y’ubuseruko, Ambassadeur Liberat Mfumukeko yarabwiye Ijwi ry’Amerika izo ngingo zo gutubika uwa vubi mu kuziganya uburyo.

Naho bir'uko, umuryango w’Afrika y’Ubuseruko urafise ikibazo c’amahera yo gukoresha nkuko vyashikirijwe n’uwutwara umugwi w’ubutunzi mu nama nshingamateka y’uwo muryango. Jeremie Ngendakumana yabwiye Ijwi ry’Amerika ko vyatumwe n’uko ibihugu vyacerewe mu gutanga intererano zavyo, mu gihe ikiringo kizorangira mu kwezi kwa gatandatu kuza.

Gushika mu kwezi guheze, Uburundi nibwo bwari buheranye menshi kuko ata na cumi bwari bwarihe mu yarenga gato imiliaridi 21 n’igice y’amarundi.

Mu nama nshikiranganji y'uwo muryango mu kwezi guheze ico kibazo caravuzwe maze Uburundi bwemera kuyariha vuba. Leontine Nzeyimana yahora arumushikiranganji w’ico gihigu ajejwe iyinjira ry’Uburundi mu karere k’Afrika y’ubuseruko.

Ibiro bikuru vy’umuryango w’Afrika y’ubuseruko bibona ko hakwiye kwiyumvirwa iyindi migambi myinshi iramba itanga amafranga yo gukoresha atari ayavuye mu ntererano z’ibihugu, mu gutubika umukanda, canke kurindira imfashanyo mvamakungu.

Pierre Claver Niyonkuru, i Arusha, ku bw’Ijwi ry’Amerika:

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:51 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG