Uko wahagera

Abasirikare b'Ubufaransa Barishe Intagondwa 20 muri Mali


Abasirikare b'Abafaransa bagenzura akarere kari hafi ya Gao, muburaruko bwa Mali.

Abasirikare b’Ubufaransa batangaje kur’uyu w’Imana ko bishe abarwanyi barenga 20 muri Mali hafi y’urubibe na Burkina Faso.

Abategetsi ba gisirikare b’Ubufaransa hamwe n’abavyiboneye bavuga ko ico gitero cakozwe n’indege hamwe n’abasirikare barwanira kubutaka mw’ishamba ryo mu ntara ya Sahel.

Abasirikare b’Abafaransa barenga ibihumbi 3,500 nibo bari muri Mali, Burkina Faso, Chad, Mauritaniya na Nijeri aho bariko barwanya intagondwa z’abayisilamu.

Mali carongereje kumezi atandatu ibihe nk’ivy’igihugu kiri mu ntambara mugihe kiriko kirarwanya intagondwa zigendera kuvyiyumviro vya al-Qaida zirwanira mu buraruko, hamwe n’izitera ziva muri Burkina Faso m’ubumanuko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG