Uko wahagera

Abanyarwanda Bahungiye Brazzavile Ntibarota Bahunguka


Loamba Moke, arongoye ishirahamwe ADHUC rivugira impunzi z'abanyarwanda muri Brazzaville.
Loamba Moke, arongoye ishirahamwe ADHUC rivugira impunzi z'abanyarwanda muri Brazzaville.

Abenshi mu banyarwanda bahungiye muri Kongo Brazzaville bashikiriza ko batarota basubira mugihugu cabo u Rwanda.

Ivyo babivuze mugihe amareta ya Kongo Brazzavile n’u Rwanda bafadikanije na HCR bariko barakorana kugira italiki ya 31 z’ukwezi kwa cumi na kabiri 2017 bazobe batahutse, inyuma yaho ntibazoba bacitwa impunzi mur’ico gihugu.

Umukuru wa HCR mu buraruko bw’ico gihugu, Mohamed Nafion, avuga ko biteguye gutahukana abavyipfuza bose ariko izo mpunzi zo zivuga ko zipfuza kuba mu mahoro ar’impunzi aho gusubira m’u Rwanda.

Bati: “ntitwumva ukuntu reta y’u Rwanda yipfuza kudutahukana arinayo yadusanze mumashamba yo muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo kutugandagurirayo.

Benshi mur’izo mpunzi baramaze gushinga imizi muri Kongo kandi bafise ibikorwa bakora vyo kwitez’imbere. Aya makuru tuyakesha umumenyeshamakuru w’ijwi ry’Amerika muri Kongo Brazzavile, Ngouela Ngoussou, akorera serevice y’igifaransa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG