Uko wahagera

Abarundi Bajya Gushaka Imirimo Muri Tanzaniya Bafite Ingorane


Abarundi
Abarundi

Abarundi bavuga ko bahohoterwa, bakibwa, bagakubitwa ndetse bakanafungwa. Abenshi baba bagiye guca amahera mu mirima y’Abatanzaniya.

Abo Barundi baja gukorera amahera mu gihugu ca Tanzaniya basaba abategetsi b’Uburundi kuvugana n’aba Tanzaniya kugira ngo abo Barundi ntibaze barahohoterwa iyo bagiye gupagasa.

Ivyo babisaba mu gihe Abarundi 80 birukanywe ku gataka ka Tanzaniya bavanywe mu busho. Bavuga ko Abatanzaniya bidegemvya mu Burundi ariko Abarundi ntibigende gutyo muri Tanzaniya.

Abategetsi ba komine Mabanda mu ntara ya Makamba aho abo Barundi birukanwa baca, bavuga ko abo Barundi bafatwa kuko bashaka kwidegemvya muri Tanzaniya ata mpapuro zibibarekurira bafise.

Umunyamakuru w’Ijwi ry’Amerika Fidele d’Antoine Nsabimana yaganiriye n’Abarundi basubiye mu Burundi mu ntara ya Makamba adutegurira iyi nkuru.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:00 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG