Uko wahagera

Zambiya: Hichilema Yarungitswe muri Sentare Nkuru y'Igihugu


Hakainde Hichilema, umukuru w'Umugambwe UPND, utavuga rumwe n'ubutegetsi muri Zambiya.

Muri Zambiya, umucamanza w’Igihugu yarungitse urubanza rw’umunyepolitike Hakainde Hichilema, asanzwe atavuga rumwe n’ubutegetsi, muri Sentare nkuru y’Igihugu. Hichilema amaze indwi zibiri atawe mu mvuto, akazoguma m’umumunyororo, nk’uko vyatangajwe n’umucamanza, bivuye ko ata bubasha afise bwo kwakira ibirego bijanye no guhemuka.

Igihugu ca Zambiya gisanzwe kidaha uburenganzira bwo kwidegemvya m’ukurindira ko ubutungane bukora, ku bantu baba bagirwa n’icaha co guhemuka. Umuvugizi w’umugambwe UPND, wa Hichilema, Charles Kakoma, yabwiye Ijwi rya Amerika ko bashikirije iyindi sentare ibirego vyo guhakana icaha co guhemuka.

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu, Amnesty International, riranegura uburyo urwo rubanza ruriko ruragenda, rikavuga ko ar’uguhohotera abanyepolitike.

Mu gihe icaha co guhemuka comwagira, Hichilema azoca ahanishwa umunyororo w’imyaka cumi n'itanu. Igihano kiruta ico kikaba ar’ico kwicwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG