Uko wahagera

Ubwigenge bw'Itangazamakuru Bwarageramiwe muri 2016


Ikarita yerekana isura y'ubwigenge bw'itangazamakuru kw'isi

Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu “Reporters Sans Frontieres”, ryatangaje kur'uyu musi wa gatatu kw’ubwigenge bw’itangazamakuru kw’isi bugeramiwe bikomeye. Ni muri raporo yaryo yama isohoka uko umwaka utashe ku kugene ubwigenge bw’itangazamakuru bwifashe kw’isi.

Reporters Sans Frontieres, ryadomye cane cane urutoki ku bihugu birimwo demokarasi mu kuvuga kw’ubwigenge bw’itangazamakuru muri ivyo bihugu bwasubiye inyuma mu kiringo c’umwaka urangiye.

Raporo y’iryo shirahamwe yamenyesheje kw’ugusubira inyuma kw’ubwigenge bw’itangazamakuru vyibonekeje kurushiriza mu bice aho abategetsi batwaza igikenye batsinze nko mu bihugu vya Polonye, Honguriya na Turukiya.

Umunyamabanga mukuru wa Reporters Sans Frontieres, Christophe Deloire yatangaje kw’ubundi burenganzira budashobora kwubahirizwa mu gihe ubwigenge bw’itangazamakuru butubahirijwe.

Norvege, Ubusweda, Finlande, Danemark n’Ubuholande nivyo bihugu vyubahiriza kurusha ibindi ubwigenge bw’itangazamakuru.

Koreya ya ruguru iza mu kibanza ca nyuma.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG