Uko wahagera

Amerika: Jeneral Flynn Yararenze ku Mategeko.


Ejo ku musi wa kabiri abayobozi muri Amerika baturuka mu mugambwe w’abarepublika n’uwabademokrate bajejwe kugenduza ukwo imirimo ya reta irangugwa, batangaza ko uwahoze ari umuhanuzi wa Prezida Donald Trump ku bibazo vy’umutekano yarengeye amategeko y’igihugu. Aho ni mugihe bavuga ko atatangaje icese ko yahawe amafaranga na reta y’ikindi gihugu mu migambi yaranguwe mu banyagihugu muri Amerika.

Ukwo kuvuga rumwe kuba gake mu bashingamateka bo ku mpande zose muri Reta Zunze Ubumwe z'Amerika, kwabaye inyuma yaho ibiro vy’umukuru w’igihugu vyanse gushira ahabona impapuro zerekana ko Jenerali Michael Flynn yagiranye imigenderanire iteye kubiri n’amategeko n’amareta y’ibindi bihugu.

Jason Chaffetz, umushingamateka aturuka muri reta ya Utah akaba ava mu mugambwe w’abarepublika, akaba kandi umwe mubayobozi b’ako kagwi ko kugenduza ibikogwa vya reta. Mugenziwe wo mu mugambwe w’abademokrate, Elijah Cummings, yavuze ati: “imigenderanire n’ayo mareta Flynn yagize, n’ikibazo gikomeye cane”.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG