Uko wahagera

Isanganya ry’Ubwato Ryahitanye 20 muri Senegal


Abantu mirongo ibiri bagwiriyemwo abapfasoni bitavye imana igihe ubwato bw’ibiti barimwo bwibira mu gice co hagati mu gihugu ca Senegal cegereye ibahari kigenderwa cane n’ingenzi.

Iyo mpanuka yabaye mw’ijoro ryo ku musi wa mbere kw’izinga riri mu buraruko bw’igihugu ca Gambiya. Ubwato bwagize iyo mpanuka bwarimwo abantu mirongor’indwi na babiri.

Uretse abantu babiri, abari muri ubwo bwato bose bari abapfasoni. Ibiziga vy’abantu mirongo ibiri nivyo vyatowe; irengero ry’uwundi muntu umwe naryo rikaba ritazwi, mu gihe abandi bantu mirongo itanu n’umwe batabawe.

Ubwo bwato bwagiriye impanuka kw’izinga ryitwa, Bettenty rigenderwa cane n’ingenzi. Icatumye iyo mpanuka iba nticari bwamenyekane.

Ikinyamakuru, L’Observateur kivuga kw’ubwato bwagize isanganya bivuye ku miyaga ikomeye, mu gihe ibindi binyamakuru vyatangaje ko bwibiye kubera bwarimwo igitigiri c’abantu umurengera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG