Uko wahagera

Koreya ya Ruguru Yafashe Umunyamerika Agira Gatatu


Ibendera rya Koreya ya Ruguru rihungabanira kuri Ambasade yaco i Beijing, m'Ubushinwa.
Ibendera rya Koreya ya Ruguru rihungabanira kuri Ambasade yaco i Beijing, m'Ubushinwa.

Koreya ya ruguru yafashe uwundi mwenegihugu w’Amerika, umwigisha yigisha muri kaminuza muri Koreya ya ruguru.

Itororokanirizo ry’amakuru Yonhap ryo muri Koreya y’epfo catangaje ko Tony Kim, w’imyaka iri muri 50 yafatiwe kukibuga c’indege mpuzamakungu c’I Pyongyang k’umusi wa gatanu.

Deparotema ya reta y’Amerika yatangaje ko gukingira abenegihugu baco biza imbere yavyose. Ariko Amerika nta migenderanire ifitaniye na Koreya ya ruguru, kandi ikorana na ambasade ya Suwede I Pyongyang mugufunguza abanyamerika bafashwe.

Deparotema ya Reta y’Amerika ntaco yipfuje kuvuga kirenze ivyo.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG