Uko wahagera

Amerika Iriteguye Gutangura Ibitero kuri al Shabab


Minisitiri wo kwivuna abansi w'Amerika, James Mattis ashitse ku kibuga c'indege c'i Ambouli, muri Djibouti.
Minisitiri wo kwivuna abansi w'Amerika, James Mattis ashitse ku kibuga c'indege c'i Ambouli, muri Djibouti.

Umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe z’Amerika ajejwe kwivuna abansi, Jim Mattis yagendeye Djibouti, igihugu conyene k’umugabane w’Afrika gicumbikiye ikambi y’abasirikare b’Amerika.

Mattis yashitse mw’ikambi ya Lemonnie kur’uyu musi w’Imana imbere yo kubonana na perezida wa Djibuti n’umushikiranganji wo kwivuna abansi.

Abategetsi bashikiriza ko ikambi Lemonnier ar’imwe mu makambi y’Amerika akomeye uravye igice iherereyemwo. Niyo itangirwamwo imyimenyerezo yagisirikare yo guhangana n’intagondwa za al-Shabab mugihugu kibanyi ca Somaliya.

Mattis agendeye Djibouti haciye igihe kidashika ukwezi ibiro vya Perezida w’Amerika vyemeye umugambi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi uha uburenganzira Umukuru w’ingabo z’Amerika mu karere k’Afrika gutanguza ibitero kuri al-Shabab muri Somaliya bafatanije n’izindi nteko bafadikanije mur’urwo rugamba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG