Uko wahagera

Amatora y'Umukuru w'Igihugu m'Ubufaransa


Abanyagihugu b'Abafaransa mu matora y'Umukuru w'Igihugu
Abanyagihugu b'Abafaransa mu matora y'Umukuru w'Igihugu

Mu gihugu c’Ubufaransa, kur’uyu w’Imana niho hategekanijwe kuba amatora y’Umukuru w’Igihugu. Abanyagihugu b’abafaransa basanzwe baba muri Amerika y’uburaruko, co kimwe no muri Canada bayakoze kur’uyu wa gatandatu, bivuye ku mpungenge z’ibitero vy’abiyahuzi bishobora kuba.

Abakandida Emmanuel Macron hamwe na Marine Le Pen nibo bari imbere mu biharuro. Prezida Francois Hollande, yahora aramutswa Ubufaransa yaratangaje ko atazokwitoza mu kindi kiringo.

Imyiyamamazo yaheze kare k’umunsi wa kane, bivuye ku gitero cabereye kw’ibarabara rya Champs Elysees, k’umugwa mukuru w’Ubufaransa, I Paris, ahasanzwe hagendera ingenzi nyinshi mur’ico gihugu. Ico gitero cahitanye umwe mu bajejwe umutekano bar’aho.

Marine Le Pen yari yabwiye abamenyeshamakuru ko bishoboka ko haba igitero mu minsi y’imyiyamamazo. Ivyo, bamwe banyagihugu barabineguye, abandi bakavuga ko ar’ibishobora gutuma aronka amajwi menshi. Yamara bakavuga ko ugutsinda kwiwe kuzohava kubangamira kazoza k’Ubufaransa mw’Ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Ibihugu vya Buraya.

Amatora m’Ubufaransa ategekanijwe gutangura isaha zibiri zo mu gitondo, kur’uyu w’Imana, ahere hagati ya sakumi na zibiri na sa mbiri z’umugoroba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG