Uko wahagera

Koreya ya Ruguru Irashobora Gutera Iyindi Missile


Ikigo ca Kaminuza Johns Hopkins, ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, catangaje ko amasanamu yo mu kirere yerekana ko ikibanza Koreya ya Ruguru igeragerezamwo ibigwanisho vya nucleaire, kiriko kiberamwo ibikorwa vy’imyiteguro yo gutera ivyo bigwanisho. Ico cegeranyo kivuga ko Koreya ya Ruguru ishobora gukora ivyo bitero umwanya uwariwo wose.

Ico cegeranyo kirimwo kandi amasanamu y’ico kibanza, yerekana ibikoresho bimwe bimwe bisanzwe vyunguruza ivyo bigwanisho. Abahinga basohoye ico cegeranyo bavuga ko atawuzi nimba akaruhuko ivyo bikoresho birimwo, kadashobora kuba ar’ako kwitegurira igitero gishasha.

Koreya ya Ruguru imaze gukora ibitero vya nucleaire bishika kuri bitanu, kuva m’umwaka uheze w’ibihumbi bibiri na gatandatu. Bibiri mur’ivyo bikaba vyatewe m’umwaka uheze w’ibihumbi bibiri na cumi cumi na gatandatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG