Uko wahagera

Jim Mattis Yagendeye Misiri


Umushikiranganji wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ajejwe kwivuna abansi, Jim Mattis kur’uyu musi ku wa kane ari mu rugendo mu gihugu ca Misiri, aho ariko arabandanya gutsimbataza imigenderanire y’Amerika na Misiri isigaye yifashe neza mur’iyi misi 100 ya mbere ya reta ya Perezida Trump.

Mattis yabonanye na mugenzi we wa Misiri ajejwe kwivuna abansi, Sediki Sobhy hamwe na Perezida Abdel Fattah el-Siisi, yagendeye Amerika mu ntango z’uku kwezi kane, akaba rero yabaye umukuru w’igihugu wa mbere wa Misiri yagendeye Amerika kuva aho Perezida Barack Obama yakiriye Hosni Mubarack mu mwaka w’2009.

Inyuma y’aho habereye ihinduka ry’ubutegetsi ryabayemwo uruhagarara rwa politike mu mwaka w’2011, igihe Mubarack yakurwa ku butegetsi, haciye hatangura intureka ya politike yakwirikiwe n’ubutegetsi bw’igitugu bwa jenerali Sissi.

Inyuma y’aho abonaniye n’abategesi ba Misiri, Mattis yaciye aja gushira urugori rw’amashurwe ku mva y’umusirikare atazwi, “Unknown soldier” mu rurimi rw’icongereza, imbere y’uko aja mu gihugu ca Israeli; igihugu kigira gatatu mu bihugu vyo mu buseruko bwo hagati yagiyemwo atanguriye mu gihugu ca Arabiya Sawudite.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG