Uko wahagera

Haley Aragabisha Koreya ya Ruguru Kudahangana na Amerika


Nikki Haley, aserukira Amerika muri ONU.
Nikki Haley, aserukira Amerika muri ONU.

Uburusiya bwatangiriye integuro y’itegeko ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu nama y’umutekano ya ONU, kur’uyu wa gatatu, yagiriza Koreya ya Ruguru ku gitero ca misile iheruka gukora.

Iyo nteguro ivuga ko Koreya ya Ruguru ihingura misile balistike bidaciye mu mategeko, kandi ko ibikorwa mwen’ivyo bitera uruhagarara mu karere kose no mu makungu.

Inama y’umutekano yategetse ko ivyo bikorwa bihagarara, hakaba kwubahiriza ingingo zafashwe n’inama y’umutekano. Abagize iyo nama bamenyesha ko Reta ya Koreya ya Ruguru ikoresha uburyo bwinshi m’uguhingura ivyo bigwanisho, mu gihe hari vyinshi abanyagihugu bakeneye badashobora kuronswa.

Ntivyatangajwe igituma Uburusiya bwatangiriye iryo tegeko, yamara abaserukira ibihugu vyabo muri ONU bavuga ko Uburusiya bwahakanye ko inzira y’ibiganiro ikugwa k’urutonde rw’ivyokorwa.

Kur’uyu wa gatatu, Nikki Haley, aserukira Amerika muri ONU yagabishije Koreya ya Ruguru ko itohangana na Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG