Uko wahagera

USA: Stephens Yashize Videwo Kuri Facebook Ahejeje Kwica


Steve Stephens yashize videwo kuri Facebook ahejeje kwica.
Steve Stephens yashize videwo kuri Facebook ahejeje kwica.

Muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, umugabo azwi kw’izina rya Steve Stephens, yiyahuye, kur’uyu wa kabiri, inyuma y’aho yagirijwe ko yashize amasanamu ya video y’ubwicanyi k’urubuga rwa Facebook. Uwo mugabo akaba yaciye atangura guhigwa n’igipolisi.

Stephens bivugwa ko yarashe umuntu mu gisagara ca Cleveland, muri Reta ya Ohio, k’umunsi w’Imana, inyuma y’aho akaba yaciye ashira amasanamu y’ubwo bwicanyi kuri Facebook. Igipolisi catangaje, kur’uyu wa kabiri, ko uwo mugabo yahavuye yiyahura.

Stephens yarasanzwe ari k’urutonde rw’abantu baronderwa cane n’ibiro bijejwe iperereza hano muri Amerika, FBI. Mbere ivyo biro vyari vyaratangaje ko uwuzotanga amakuru yiwe, azoronswa agashirukabute k’amafaranga angana n’ibihumbi mirongo itanu vy’amadolari.

Mu masanamu yashizwe ahabona na Steve Stephens, avuga ko yaramaze kwica abandi bantu cumi na batatu. Yamara igipolisi kimenyesha ko ata cemeza na kimwe ko yabishe, bamaze kuronka.

Amasanamu mwen’ayo aramaze iminsi aca k’urubuga rwa Facebook. Umuyobozi mukuru wa Facebook, Mark Zuckerberg yatangaje kur’uyu wa kabiri ko ishirahamwe ryiwe rigiye kugerageza uburyo bwose rihagarika ububisha nk’ubwo buca kur’urwo rubuga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG