Uko wahagera

Abasirikare ba Mali Bishwe mugitero c'Iterabwoba


Abasirikare batari bake ba Mali bataramenyekana igitigiri bishwe kur’uyu wa kabiri mugitero kivugwa ko cakozwe n’intagondwa zikora iterabwoba mu ntara ya Tombouctou, nkuko bimenyeshwa n’amakuru yo kwizera.

Ico gitero cabereye kukambi y’igisirikare ca Mali mu gace ka Gourma Rharous kagoye gushikamwo, kari ku birometero 12 mu buseruko bwa Tombouctou.

Koloneli Diarran Koné, avugira igisirikare ca Mali yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP ko ico gitero cabaye sakumi n’imwe z’agatondo mu masaha yo muri Mali. Yatangaje ko batakaje abasirikare n’ibikoresho ariko ntabirenze ivyo yashikirije.

Abasirikare ba ONU ba Minusma bagiye kubungabunga amahoro muri Mali mw’itangazo bashikirije bateye ivyatsi ico gitero kandi bavuze ko barungitse indege za kajugujugu gufasha abasirikare ba Mali no gutwara abakomeretse.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG