Uko wahagera

Siriya: Abanyagihugu Batanguye Guhungishwa


Muri Siriya, abanyagihugu hamwe n’abagwanyi bari mu bisagara bine bisinzikajwe n’intambara batanguye guhungishwa, nk’uko amasezerano ari hagati y’abagwanyi na Reta abivuga.

Kur’uyu wa gatanu, imiduga yo mu bwoko bwa bisi itari mike, yiriwe irahungisha abanyagihugu baba mu bisagara vya Maday na Zabadani, bibamwo abatavuga rumwe na Reta, hafi y’igisagara ca Damasiko.

Ni mu gihe abaharugwa mu bihumbi, baba mu bisagara vya Fuaa na Kafraya, bicuditse na Reta, bategekanya nabo kujanwa mu gisagara ca Alepo, kiri mu minwe ya Reta.

Ayo masezerano ategekanya ko himugwa abantu barenga ibihumbi mirongo itatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG