Uko wahagera

Haheze Imyaka 3 Abana 276 Banyurujwe Muri Nijeria


Imyiyerekano ku mugwa mukuru wa Nijeria I Abuja kugira bibutse igihugu yuko abo bana b’abakobwa b’I Chibok bataratogwa gushika n’ubu
Imyiyerekano ku mugwa mukuru wa Nijeria I Abuja kugira bibutse igihugu yuko abo bana b’abakobwa b’I Chibok bataratogwa gushika n’ubu

Kuri uno musi wa gatanu itariki 14 z’ukwezi kwa kane umwaka wi 2017, imyaka itatu iraheze abana b’abakobwa b’ababanye Nijeriya 276 banyurujwe n’abagwanyi ba Boko Haram kwishure riri mu buraruko bw’igihugu mu kigwati ca Chibok.

Bamwe muri abo bigeme baratorotse, bamwe bararekugwa biciye mu biganiro, ariko benshi muri bo ntibaratogwa.

Umukuru w’igihugu ca Nijeria Muhammadu Buhari, avuga ko ibiganiro vyo kubohoza abo bigeme bikibandanya, yamara, abavyeyi n’abaharanira irekugwa ryabo bigeme bavuga ko reta yabahemukiye.

Enoch Mark, umwe mubavyeyi b’abo bigeme avugako yagize ingorane nyishi kuva abakobwa biwe banyurujwe na Boko Haram haciye imyaka itatu. Kuri we abona prezida Buhari yarabahemukiye.

Abandi ni Mariko n’umutambukanyi wiwe. N’abakristu basenga cane. Bo baronswa inkomezi z’ukuba barabuze umukobwa wabo mu majambo basoma muri bibiliya.

Muri iyi ndwi, umugwi Bring Back Our Girls wihaye guharanira ibohozwa ry’abo bana b’abakobwa, wagize imyiyerekano ku mugwa mukuru wa Nijeria I Abuja kugira bibutse igihugu yuko abo bana b’abakobwa b’I Chibok bataratogwa gushika n’ubu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG