Uko wahagera

Amerika, Canada na Mexique Vyipfuza Kwakirira hamwe Igikombe c'Isi Yose co mu Mwaka w'i 2026.


Igikombe c'isi yose c'umupira w'amaguru
Igikombe c'isi yose c'umupira w'amaguru

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Canada na Mexique vyatangaje ko bizosabira hamwe kwakirira hamwe igikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru co mu mwaka w’i 2026. Kizoba kibaye igikombe ca mbere inyuma yuko imirwi nserukiragihugu izoba yongerejwe mu kuva kuri 32 ikaja kuri 48.

Niyo ivyo bihugu vyemererwa kwakira ico gikombe, buzoba bubaye ubwa mbere igikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru cakirwa n’ibihugu bitatu ica rimwe.

Umugambi nuko Reta Zunze Ubumwe zokwakira inkino 60, Canada na Mexique navyo bikakira inkino cumi igihugu kimwe kimwe ukwaco.

Ingingo ku gihugu kizokwakira igikombe c’isi yose co mu mwaka w’i 2020 izofatwa mu mwaka w’i 2020.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zakiye igikombe c’isi yose co mu mwaka w’i 1994, mu gihe Mexique yakiye igikombe c’isi yose co mu mwaka w’i 1970, n’umwaka w’i 1986.

Canada yakiye igikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru c’abapfasoni co mu mwaka w’i 2015.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG