Uko wahagera

Abanyesomaliya 4000 Bazokwirukanwa muri Amerika


Uwuserukira Igihugu ca Somaliya hano muri Amerika, Ahmed Isse Awad yatangaje ko ibiro bijejwe abimukira, hamwe n’uruja n’uruza ku mipaka ya Amerika rufise urutonde rw’abanyesomaliya bashika ku bihumbi bine bazosubizwa iwabo. Isse Awad avuga ko abenshi mur’abo banyesomaliya batari m’ubusho, akavuga kandi ko abashika kw’ijana na mirongo indwi bamaze gusubizwa inyuma, bivuye ko babuze ubuhungiro muri Amerika.

Award amenyesha ko umugwi urindiriye kwirukanwa ar’uwugizwe ahanini n’abari mu mabohero, bashika ku majana atatu. Bamwe mu bimukira bamaze gutahukanwa muri Somaliya babwiye Ijwi rya Amerika ko basanze igihugu cabo carahindutse kandi ata mutekano kigira.

Ibihugu vya Buraya bitari bike, gushik’ubu vyarahagaritse umugambi wo gusubiza abanyesomaliya mu gihugu cabo, bivuye ko haheze imyaka itari mike ata mutekano urangwa mur’ico gihugu. Muri Amerika, iyo ngingo yarahindutse bivuye k’umugambi mushasha wa Prezida Donald Trump, werekeye gutahukana abimukira batagira ivya ngombwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG