Uko wahagera

Kabila Yagenye Bruno Tshibala Kuba Umushikiranganji wa Mbere


Perezida Joseph Kabila wa Republika iharanira demokarasi ya Kongo.
Perezida Joseph Kabila wa Republika iharanira demokarasi ya Kongo.

Perezida wa Republika iharanira demokarasi ya Kongo yagenye kur’uyu wa gatanu, uwutavugarumwe nawe, Bruno Tshibala mu kibanza c’umushikiranganji wa mbere. Iryo genwa ryatangarijwe kuri televiziyo y’igihugu.

Igenwa rya Tshibala rije gushira mungiro amasezerano y’amahoro yateweko umukono kuwa 31 z’ukwezi kwa 12 umwaka w’2016 hagati y’abatavugarumwe n’ubutegetsi hamwe n’abashigikiye reta.

Ayo masezerano yar’agamije guhagarika uruhagarara rwa politike rwatewe n’iguma k’ubutegetsi rya Kabila, inyuma y’aho ikiringo ca kabiri kirangiriye kw’italiki 20 z’ukwezi kwa 12 umwaka wa 2016 nkuko biri mw’ibwirizwa nshingiro rya Kongo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG