Uko wahagera

Abanyagihugu bo Mugasenyi Bari Mukangaratete


Abanyagihugu bo mugasenyi muri Komine ya Mutimbuzi bariko basaba kwimuka kunguvu ahariko hubakwa Ingoro y'umukuru w'igihugu.
Abanyagihugu bo mugasenyi muri Komine ya Mutimbuzi bariko basaba kwimuka kunguvu ahariko hubakwa Ingoro y'umukuru w'igihugu.

Igipolisi c’Uburundi cazindutse kur’uno wa gatanu gushira mu ngiro ingingo y’umushikiranganji w’ibidukikije isaba abanyagasenyi, muri komine Mutimbuzi y’intara ya Bujumbura kuva mur’ico kibanza giharurwa mu hariko hubakwa ikirimba c’umukuru w’igihugu.

Abo banyagihugu bagizwe n’ingo 23 bavuga ko badafise ayo bacira n’ayo bamira kuva mu gitondo co kur’uno wa gatanu. Bavuga ko abapolisi benshi bashwaye mur’ico kibanza babasaba gukinjura nk’uko itangazo ry’umushikiranganji w’amazi, ibidukikije gutunganya amatongo n’ibisagara ryo kw’igenekerezo rya 5 ukwezi kwa 4 ribibasaba.

Ivyo abo ba nyagasenyi babandanya biyamiriza bakavuga ko iyo mizibukiro atayo bigeze baronswa, bakavuga ko batari kwanka igikorwa nk’ico c’iterambere co kubaka ikirimba c’Umukuru w’igihugu. Uno mu nyagihugu atangazwa n’ingene bagumye basaba gutunganirizwa amaso agahera mu nzira.

S’ubwa mbere umushikiranganji w’ibidukikije asaba abo ba nyagasenyi kuva mur’ico kibanza. No kw’igenekerezo rya 31 ukwezi kwa gatatu guheze , ryari isango ntarengwa ryo kuhava ibitabaye ku mvo zitamenyekanye.

Buramatari w’intara ya Bujumbura umupfasoni Gacuti Nadine yari yabwiye Ijwi ry’Amerika mu ndwi iheze ko abo banyagihugu bategerezwa kuva mur’ico kibanza c’ahariko hubakwa ikirimba c’umukuru w’igihugu, ivy’uko batahawe imizibukiro bizokwigwa mu nyuma.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG