Uko wahagera

Igitero c'Ikamyo Cahitanye Babiri i Stockhom muri Suwede


Abantu babiri bishwe uyu musi ku wa gatanu mu gisagara ca Stockholm mu gihugu ca Suede, igihe ikamyo yaja guseka abantu bari mu kibanza kirimwo amangazini menshi.

Abapolisi ko mu gisagara ca Stockholm bemeje amakuru avuga kw’abantu babiri bahasize ubuzima, abandi nabo batari bake bagakomereka. Abapolisi bagabishije kandi abantu, babasba kudatemberera mur’ico gisagara hagati.

Umushikiranganji wa mbere Stefan Lofven yavuze kw’ico gitero cakozwe hakoreshejwe ikamyo yasetse abantu, ar’igitero c’iterabwoba. Yatangaje ko reta iriko irakora ibishobotse vyose kugira ngo itohoze ibiri inyuma y’ico gitero.

Ibinyamakuru vyo mu gihugu ca Suede biriko biratangaza amakuru avuga kw’abantu batanu bahasize ubuzima, kandi ko n’inkoho zumvikanye.

Iyo kamyo yasetse abantu imbere y’imangazini zibiri, ziri kw’’ibarabarara ryagenewe abagenda n’amaguru.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG