Uko wahagera

ISIS Yaragandaguye Abantu 33 muri Siriya


Ishirahamwe ry’abongereza ryishinze guharanira agateka kazina muntu rikorera muri Siriya ritangaza ko umuhari wa reta ya kiyisilamu wagandaguye abantu 33 mur’iyi ndwi, babaye abantu benshi bishwe n’uyo muhari kivunga mur’uyu mwaka.

Iryo shirahamwe rimenyesha ko abo bantu biciwe mu buseruko bw’igisagara ca Deir Ezzor mu gatondo ko ku musi wa gatatu, ariko ntibiramenyekana ko bari abarwanyi canke abasivile bafashwe n’umuhari wa reta ya kiyisilamu munyuma bacirirwa urubanza rwo gupfa.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG