Uko wahagera

Burundi: Amatati y'Uburongozi mu Bacuraranzi b'Umuziki


Bruno Simbavimbere Presdient de l'Amical des Musiciens

Mw’ishirahamwe rihurikiyemwo abacuraranzi b'umuziki mu Burundi harangwa amatati afatiye ku burongozi.

Bamwe mu bagize umwuga w’ukuririmba bagiriza Bruno Simbavimbere ko atunganya nabi iryo shirahamwe. Niyonkuru Patrick umwe mu bakurikiranira hafi ivy’umuziki anipfuza impinduka mur’iryo shirahamwe asaba ko hatunganwa ayandi matora.

Simbavimbere aremera ko gutwara ishirahamwe Amical des musiciens bimara ikiringo c’imyaka ine umuntu yisubiriza.

Ku kibazo ca manda ntarengwa avuga ko amategeko ataco abivugako. Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru kur’uno wa gatatu, uwo arongoye abaririmvyi bo mu Burundi yagenye icegera ciwe.

Ni mu gihe abatemera uburongozi bwiwe bamwagiriza ko ishirahamwe yamaze kurigira iryiwe.

Ico yemeye n’uko agiye gukoranya abaririmvyi kugira batorere umuti ibibazo biri mw’ishirahamwe. Hagati aho Bruno Simbavimbere avuga ko agiye n’ugushinga umurwi wagutse wofasha mur’ico gikorwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG