Abasirikare b’igihugu ca Sudani yo mu bumanuko bishe abantu 16 ku musi wa mbere mu gisagara kiri hafi y’urubibe n’igihugu ca Uganda.
Abantu amajana n’amajana baba muri ako karere bahungiye muri Uganda.
Ivyabona bavuga kw’abantu bambaye impuzu z’igisirikare ca Sudani yo mu bumanuko bahagaritse imikangara irenga cumi barayica.
Icegera c’umuvugizi w’igisirikare ca Sudani yo mu bumanuko, Brigadiye Jenerali, Santo Dominic yavuze kw’inteko za Reta zishe abantu zavuze kw’ari inkozi z’ibi.
Yabwiye Ijwi rya Amerika kw’inteko za Reta ya Sudani yo mu bumanuko zaronse amakuru avuga kw’iyo mikangara yariko isahura inyubakwa kandi yica abasivile.
Yamara icegera c’umuvugizi w’abarwanya ubutegetsi bo mu muhari SPLM IO, Lam Paul Gabriel avuga kw’abasirikare ba Reta aribo bariko biba kandi bica.
Bulamatari w’intara ya Imotong, ubwo bwicanyi bwabereyemwo, Tobiolo Alberio Oromo, avuga kw’afise imigambi y’ukuja mur’ako karere kugira yirabire wenyene ubwiwe ivyabaye.
Facebook Forum