Uko wahagera

Amerika n'Uburusiya mu Mibonano kukibazo ca Koreya ya Ruguru


Intumwa ya Reta zunze ubumwe z’Amerika muri Koreya ya ruguru yarungitswe vyihuta mur’iyi ndwi I Moscou kuganira n’abategetsi b’Uburusiya kukibazo ca Koreya ya ruguru, mugihe hasigaye imisi mike ngo sekreteri wa reta y’Amerika agendere Uburusiya.

Ivyo vyatangajwe kur’uyu wa mbere n’umudiplomate w’Amerika.

Joseph Yun, azobonana n’icegera c’umushikiranganji w’Uburusiya ajejwe imigenderanire, Igor Morgoulov, hamwe n’abahinga b’abashakashatsi I Moscou.

Koreya ya ruguru ishobora gufatirwa ibindi bihano n’akanama ka ONU kajejwe umutekano kubikorwa vyayo vyo kugerageza ibisasu vya misile kandi Uburusiya bufise uburenganzira bwo guhagarika ingingo nk'iyo ya ONU.

Ubushinwa nabwo nyene busanzwe bufise ico gihagararo muri ONU cokimwe na Amerika. Ni mur’iyo ntumbero nyene, Perezida w’Ubushinwa yitezwe kwakirwa na Donald Trump w’Amerika kur’uyu wa kane n’uwa gatanu.

Trump yatangaje kur’uyu w’Imana ko mugihe abandi bakwigira ba sindabibazwa, Amerika ubwayo yonyene ishobora gutorera inyishu ikibazo ca Koreya ya ruguru harimwo no gukoresha inguvu za gisirikare.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG