Abakozi b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bakora amatohoza baratoye ibindi binogo 13 vyahambwemwo abantu benshi muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo, ahamaze amezi habera ubwicanyi hagati y’abajejwe umutekano n’umuhari w’abarwanyi bitwaje ibirwanisho.
Ivyo vyashikirijwe kur’uyu wa mbere na José Maria Aranaz, umuyobozi w’ibiro vya ONU bijejwe agateka ka muntu. Atangaza ko igitigiri c’ivyo binogo cavuye kw’icumu, ubu gishitse kuri 23 vyatowe mu ntara za Kasai yo hagati n’iy’ubuseruko.
Aranaz avuga ko ayandi matohoza azobandanya mu ntara ya Lomami, ahakekwa kuba ibindi binogo.
Mwibuke ko abahinga 2 ba ONU bariko bakora amatohoza nk’ayo mu ntara ya Kasai banyurujwe hamwe n’abakongomani babaherekeza kw’italiki 12 z’ukwezi kwa gatatu, munyuma batorwa ar'ibiziga.
K’umusi wa kane, Ekleziya katolika muri Kongo yasavye abajejwe umutekano kudatwarwa n’ishavu mugihe bariko bahiga abo barwanyi.
Umuhari wiyitiriye Kamwina Nsapu ukivuka watanguye gutera inyubakwa za reta, ariko kuva mu kwezi kwa kabiri watandukiriye amashure n’amasengero.
Facebook Forum