Uko wahagera

Ubuhindi Ntiburiko Bukingira Bihagije Abanyafrika


Abaserukira ibihugu 44 vyo mu karere ka Afrika bagirije uno musi ku wa mbere Reta y’igihugu c’Ubuhindi kw’itakoze ibihagije kugira ihagarike ibitero bigirwa ku Banyafrika muri ico gihugu.

Ivyo bikwirikiye ibitero bitari bike vyagizwe ku banyanigeriya. Abantu batari bake barakomeretse, bemwe muribo bikomeye, igihe umurwi w’abantu bari bashavujwe n’urupfu rw’umukangara ku musi wa mbere mu gisagara kiri hafi y’umurwa mukuru New Delhi bahiga bunyamaswa Abanyafrika.

Ivyo vyatanguye igihe umurwi w’abanyeshule b’Abanyanigeriya bari bapfunzwe bifatiye ku rupfu rw’uwo mukangara barekurwa ata vyuaha bagirijwe. Igipolisi catangaje kw’ata vyemezo vyari bihari vy’ukubagiriza ivyaha.

Ibitero ku Banyanigeriya vyarafashwe ku masanamu ya video, yakwiragijwe ku bibanza ngurukanabumenyi. Ivyo vyatumye impungenge ziyongera ku bitero ku Banyafrika mu Buhindi.

Mw’itangazo, abaserikira ibihugu vyo muri Afrika mu Buhindi bavuze kw’ata ngingo ziboneka Reta y’ico gihugu yafashe inyuma y’ivyo bitero kugira ntibisubire kuba. Bamenyesha kw’abategetsi b’Ubuhindi batiyamirije mu buryo buhagije ibitero biherutse kuba n’ivyabaye imbere yaho ku Banyafrika. Ikindi, basaba itohoza ryigenga ku bitero biherutse kuba bifatiye ku rwanko rw’Abanyafrika.

Abanyafrika ibihumbi n’ibihumbi bariga canke barakora mu Buhindi, aho benshi bakumirwa bifatiye kw’ibara ry’urukoba. Bagirizwa kenshi ko bafise uruhara mu bucuruzi bw’ibiyayura umutwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG