Uko wahagera

Ikibombe Cahitanye 10 mu Burusiya


Abategetsi b’igihugu c’Uburusiya bavuga kw’abantu cumi bishwe abandi mirongo itanu barakomereka igihe ikintu caturika muri metro mu gisagara ca St. Petersburg.

Itangazamakuru mu Burusiya ryamenyesheje kw’ico kintu caturikiye mu kibanza ca metro citwa Sennaya Square hagati mu gisagara ca St. Petersburg. Ibibanza vyose vya metro muri ico gisagara vyugawe.

Icatumye ico kintu giturika ntikiramenyekana. Yamara perezida w’Uburusiya, Vladimir Putin yatangaje kw’abajejwe itohoza bariko biyumvira uburyo bwose bushoboka, harimwo iterabwoba.

Perezida Putin yashitse mu gisagara ca St. Petersburg uno musi ku wa mbere gushikiriza ijambo mw’ikoraniro ryama riba uko umwaka utashe kw’itangazamakuru ryataguwe n’umuhari wa politike ushigikiwe na Reta y’Uburusiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG