Uko wahagera

Trump: Amerika Yonyene Irashoboye Guhangana na Koreya ya Ruguru


Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump atangaza ko Amerika yiteguye gutorera umuti ikibazo ca Koreya ya ruguru harimwo n’ugukoresha inguvu za gisirikare mugihe Ubushinwa ataco bwokora.

Trump avuga ko Ubushinwa bushobora gutera igitsure Koreya ya ruguru yongerako kandi ko vyoba vyiza bufashije mur’ico gikorwa ariko ngo mugihe butofasha ntivyoba vyiza kuri bose.

Trump ashikirije ivyo mugihe kur’uyu wa kane yiteguriye kwakira Perezida w’Ubushinwa, Xi Jinping muri reta ya Florida, muri Amerika mu nama y’imisi ibiri izohuza abo bategetsi.

Ntankeka ko ikibazo ca Koreya ya ruguru kiri muvyo bazoganira, ariko ntaho Ubushinwa bwerekanye ubushake mugihe haje ikibazo co kubuza Koreya ya ruguru kugerageza ibirwanisho ruhonyanganda.

Abahinga b’abanyamerika bagabisha ko Koreya ya ruguru iri mu mugambi wo kugerageza gutera mukirere ikindi gisasu kigira gatandatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG