Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump kur’uyu wa mbere arakira mugenzi we wa Misiri, Abdel Fattah al-Sissi, umubonano ufise intumbero yo gukomeza imigenderanire.
Sisi yabaye mu bakuru b’igihugu ba mbere bakeje Trump igihe atahukana intsinzi mu matora y’umukuru w’igihugu kandi ntiyacana uwaka n’intwaro ihitiye ya Obama yamwagiriza gutwaza umukazo no guhohotera agateka ka muntu.
Mwomenya ko abo bagabo babiri bigeze guhurira mugisagara ca New York m’ukwezi kw’icenda 2016, igihe c’imyiyamamazo y’ikibanza c’umukuru w’igihugu.
Amakuru ava mubiro vya perezidansi y'Amerika avuga ko uyo mubonano uba mu mwiherero, ivyo bikaba vyashavuje abaharanira agateka ka muntu. Bababazwa n’ukubona Amerika yakira Sissi yagirizwa guhohotera ubuzima bwa kiremwa muntu nkuko vyashikirijwe na Sarah Margon, ahagarariye Human Rights Watch muri Amerika.
Mwomenya ko reta ya Obama yari yarahagaritse imfashanyo ya gisirikare yaha Misiri m’umwaka w’2013 inyuma y’aho Mohamed Morsi akuriwe k’ubutegetsi, vyakurikiwe n’ubwicanyi bwakorewe abamuyoboka.
Facebook Forum