Uko wahagera

Somaliya: Amerika Igiye Kwongereza Ibitero ku Murwi al-Shabab


Jenerali, Thomas Waldhauser
Jenerali, Thomas Waldhauser

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika bwatangaje ku musi wa kane ko Perezida Donald Trump yabuhaye ububasha kurushiuriza bw’ukugira ibitero vy’indege z’ingwano muri Somaliya ku murwi al-Shabab.

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bwamenyesheje ko Perezida Trump yemeje ivyasabwe vy’ukwongereza ibitero vy’indege z’ingwano muri Somaliya mu gikorwa c’ugufasha inteko z’umuryango w’ibihugu vya Afrika n’inteko za Somaliya, kurwanya bikomeye umurwi al-Shabab n’ugutuma abagira iterabwoba bataronka aho bihisha kugira bagire ibitero ku banyamerika canke inyungu za Amerika mu karere.

Jenerali Thomas Waldhauser, ayoboye ibiro bikuru vy’igisirikare ca Amerika mu karere ka Afrika, yatangaje imbere yaho ko kuronka ubushobora kurushiriza bw’ukugira ibitero vyofasha inteko za Amerika.

Gushika ubu, Reta ya Somaliya ntaco iravuga ku vyatangajwe n’ibiro bikuru vy’igisirikare ca Amerika mu karere ka Afrika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG