Uko wahagera

Abaharanira Agateka Muntu mu Burundi Baratotejwe Bikomeye


runani rw’amashirahamwe yigenga yo mu Burundi, FORSC, ruvuga ko mu myaka ibiri iheze, abaharanira agateka ka zina muntu batotejwe bikomeye, bamwe bishwe, abandi baranyuzwa, amashirahamwe amwe arafutwa mugihe abandi batotejwe bagahunga igihugu.

Mu nama iriko ihuza amashirahamwe yigenga yo mu karere k’Afrika y’ubuseruko, FORSC rwashize ahabona kuri uyu wa kane urwandiko rusaba ko ico kibazo coba ic’akerere kose.

Mu nama ihuza amashirahamwe yigenga yo mu karere k’Afrika y’ubuseruko, Maitre Janvier Bigirimana yaserukiye FORSC yabwiye bagenzi we ko hari bamwe bishwe bazira ko baharanira agateka ka zina muntu.

FORSC rwashize ahabona urwandiko ruhamagarira amashirahmwe yose yigenga yo mu karere k’Afrika y’ubuseruko guhagurukira ikibazo c’abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi kugira bakingirwe.

Urwo runani rwatangaje ko ubu naho hadutse uruhigi rw’indongozi z’abanyeshure muri kaminuza y’Uburundi. Maître Bigirimana ariyamiriza iyo ngendo yita ko ar'uburyo bwo gutoteza agateka ka zina muntu.

Mu kwezi kw’10 umwaka uheze, amashirahamwe yigenda atanu harimwo n’urunani FORSC yarafuswe na reta y’Uburundi. Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwagirije ayo mashiramwe ko agumura abanyagihugu.

Naho biruko, ayo mashirahamwe amenyesha ko akibandanya akora naho indongozi zayo nka zose zahunze igihugu.

N'inkuru y'umumenyeshamakuru w'Ijwi rya Amerika, Pierre Claver Niyonkuru:

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:07 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG