Uko wahagera

Felix Tshisekedi Ahamagarira Guhagarika Akazi muri Kongo


Felix Tshisekedi, umuhungu wa Etienne Tshisekedi aheruka kwitaba Imana i Buruseli m'Ububurigi
Felix Tshisekedi, umuhungu wa Etienne Tshisekedi aheruka kwitaba Imana i Buruseli m'Ububurigi

Umuhungu wa Etienne Tshisekedi, yahoze ar’umunyapolitike yarwanya reta Kongo yatangaje ko agiye gutunganya ibikorwa bitandukanye mugihugu kuko atakiriko kirava mubiganiro hagati y’abanyepolitike.

Félix Tshisekedi, yatowe kurongora urunani rw’abatavugarumwe na reta, Rassemblement, inyuma y’urupfu rwa se, yatangaje ko kw’italiki ya 3 z’ukwezi kwa kane hazoba uguhagarika akazi mugihugu hamwe n’ibindi birenze kur’ivyo.

Imbere y’uko atangaza ivyo, umugambwe, UDPS, wahoze urongowe na se, wateye akamo abanywanyi bawo ko kuja mu myiyerekano y’amahoro kw’italiki 10 z’ukwezi kwa kane.

Hambavu y’ivyo, k'umusi wa kabiri k’umurwa mukuru Kinshasa no k’umusi wa gatatu I Lubumbashi,mu bumanuko bwa Kongo, igipolisi carashwiragije abigaragamvya kandi hari n’abahagaritswe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG