Uko wahagera

Amerika Ishigikiye Amasezerano y'Abanyekongo


Abasenyeri b'Ishengero Katolika, mu gikorwa co gutanguza ibiganiro vya politike muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo.
Abasenyeri b'Ishengero Katolika, mu gikorwa co gutanguza ibiganiro vya politike muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika imenyesha ko ibabajwe n’uburyo amasezerano ya politike muri Republika iharanira demokrasi ya Kongo, yateweko igikumu itariki mirongo itatu n'imwe z’ukwezi kwa cumi na kabiri m’umwaka uheze, ataco arashikako gushik’ubu. Amerika imenyesha ko itewe amakenga n’uburyo Reta ya Kongo, co kimwe n’imigambwe iri m’urunani rw’abatavuga rumwe n’ubutegetsi, bananiwe kwumvikana kugira ayo masezerano ashirwe mu ngiro, harimwo no gutora umushikiranganji wa mbere.

Gushinga Reta nshasha nk’uko bitegekanijwe mur’ayo masezerano, nivyo vyotegura amatora n’ibisikanya riciye mu nzira y’amahoro na demokrasi, bigashira ahabona ugushaka kw’abanyagihugu ba Kongo. Reta Zunze Ubumwe za Amerika irakeza akigoro kadasanzwe k’inama y’abasenyeri ba Katolika, mu gikorwa cayo co guhuza abanyepolitike.

Amerika imenyesha kandi ko ishigikiye uwo mugwi w’abahuza mur’ico gikorwa, igasaba ko wokwongerereza inguvu m’ukurengera ibibazo abaharira batuvikanako. Kubona ayo masezerano adatera intambwe ngw’ashirwe mu ngiro, n’ukurengera akarimbi abanyagihugu, m’ugusubiza inyuma intambwe ibiganiro vyashitseko.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika isaba abarongozi muri reta no mu batavuga rumwe n’ubutegetsi kudakoresha imvugo iturira, ishobora gutuma haduka intureka canke intambara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG