Uko wahagera

Ububiligi Bwipfuza Imigenderanire Myiza n'Uburundi


Intumwa idasanzwe y'ingoma y'Ububirigi mu bihugu vyo mu karere k'ibiyaga binini, Renier Rijskens mu Burundi

Igihugu c’Ububirigi ngo kiripfuza kw'imigenderanire y’ico gihugu n’Uburundi yosubira kuba myiza cane. Ivyo vyashikirijwe kur’uno wa kabiri n’uwuserukira Ububirigi mu Burundi, Bernard Quintin inyuma y’umubonano n’abarongoye ibiro vy’inama nshingamateka y’Uburundi.

Uwo aserukira Ububirigi mu Burundi ntahakana kw'imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bibiri yatosekaye mu misi iheze, ariko kw'ubu iriko iratera imbere. Ku kibazo kijanye n’imfashanyo zari zarahagaze, Bernard Quintin avuga ko zitari zahagaze burundu. Avuga kw'igikenewe ar’uko impande zose zoshiramwo ugushaka kugira imigenderanire isubire kuba myiza nk’aho hambere.

Umuvugizi w’inama nshingamateka y’Uburundi yemeza ko uwo mubonano utanga icizere ko imigenderanire y’Uburundi n’ububirigi igiye kuba myiza mu bijanye n’ugufashanya na cane cane mu vy’ubutunzi. Alexis Badian Ndayihimbaze avuga bimwe mu vyavugiwe mur’uwo mubonane. Intumwa z’ububirigi zari zirongowe mur’uwo mubonano n’intumwa idasanzwe y’Ingoma y’Ububirigi mu bihugu vyo mu karere k’ibiyaga binini Renier Rijskens.

Ku ruhande rw’ibiro vy’inama nshingamateka, uwuvugira urwo rwego yashikirije kw'uwo mubonano werekanye kw'Ububirigi bwipfuza gusubira kugiranira imigenderanire n’igihugu c’uburundi. Kugira ivyo bishoboke, Alexis Badian Ndayihimbaze ashikiriza bimwe mu vy'Ububirigi busaba Uburundi.

Ubuserukizi bw’Ububirigi mu Burundi buremeza kw'imigenderanire yari yaratosekaye n’aho itahagaze burundu nk’uko bivugwa n’uwuserukira ico gihugu. Bernard Quintin avuga ko bukebuke ibintu bizosubira mu buryo kandi biriko bigenda neza.

Mur’uwo mubonano n’abagize ibiro vy’inama nshingamateka, intumwa z’Ububirigi zari zirongowe na, Renier Rijskens intumwa idasanzwe y’Ububirigi mu karere k’ibiyaga binini.

Twibutse ko imigenderanire hagati y’Uburundi n’Ububirigi yatanguye gucumbagira kuv'aho umugambwe CNDD-FDD wemereje mu mwaka wa 2015 ko Petero Nkurunziza ariwe mukandida w’uwo mugambwe, mu matora y’umukuru w’igihugu. Ingingo yahavuye ituma haba n’imyiyerekano yo kwanka ko Petero Nkurunziza yitoza ubugira gatatu, birasendwa aruhira kwitoza.

Imigenderanire hagati y’Uburundi n’Ububirigi ikuraho iracumbagira, imfashanyo z’amafaranga zahora zihabwa Uburundi mu ntumbero yo kurangura imigambi y’iterambere zirahagarara. Kuva ico gihe nta wuserukira igihugu c’Ububirigi yari bwigere abonana n’umutegetsi n’umwe wo mu nzego nkuru nkuru zirongoye igihugu.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika i Bujumbura mu Burundi, Evariste Nzikobanyanka ni we utugezaho iyi nkuru.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:23 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG