Uko wahagera

Ubushinwa Busaba Ubufaransa Gukingira Abanyagihugu Baco


Igihugu c’Ubushinwa casavye Ubufaransa gukingira abanyagihugu baco mu gisagara ca Paris. Ako kamo gatewe inyuma y’aho umupolisi yiciye umushinwa yavyaye abana bane, hagaca haduka imyiyerekano yabayemwo ubugizi bwa nabi.

Ubushikiranganji bw’Ubushinwa bujejwe imigenderanire bwashikirije Ubufaransa urwandiko rwo kwiyamiriza iyicwa ry’uwo mushinwa. Bwarongeye buratera akamo kabusaba gukingira umutekano n’amatungo y’Abashinwa mu Bufaransa.

Ubwo bushikiranganji uyu musi ku wa kabiri bwavuze kw’uyo mushinwa yishwe n’umuposi yambaye impuzu z’akazi.

Abategetsi b’Abafaransa bavuga kw’umupolisi yarashe uyo mushinwa ariko arivuna. Basobanuye ko uyo mushinwa yishwe yakomerekeje umupolisi akoresheje icuma gikarishe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG