Uko wahagera

USA: Abasaba Viza ya Amerika bagiye gusuzumwa bidasanzwe.


GOP 2016 Trump

Ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire n’amahanga bwasavye ibiro vy’ubuserukizi bwa Amerika kw’isi (ambasade), gusuzuma bikomeye imigwi imwe imwe babona ikwiye kugigwako amatohoza yandi, iyo isavye impapuro z’ingendo zo kwinjiria muri amerika (Viza).

Mu nzandiko zirimwo amabwirizwa akwiye gukurikizwa, ibiro vy’ubuserukizi bwa Amerika mu mahanga bisaba ama ambasade guperereza ku mbuga ngurukana bumenyi z’abantu bwite, aho basanzwe bahanahanirako amakuru (reseaux sociaux) mugihe basavye impapuro z’ingendo zo kw’injira muri amerika (Viza). Ubushikiranganji busaba ama ambasade kubikora kubantu bakekwa kuba bafise imigenderanire n’abagizi b’iterabwoba canke abantu bagendeye mubice vy’isi bikoreramwo abagwanyi b’intagondwa za reta ya ki Islamu.

Ayo mabwirizwa yarungitswe n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Amerika n’amakungu Rex Tillerson. Ategeka ama ambasade gukorana n’inzego z’umutekano hamwe n’inzego z’iperereza vya Amerika kugira bamenye neza imigwi ikwiye gusuzumwa bidasanzwe imbere yuko bafata ingendo zigana muri reta z’unze ubumwe za Amerika.

Tillerson, avuga ko naho umuntu aba akwije ibisabwa kugira ahabwe Viza, mugihe vyibonekeje ko akwiye kwongera gukogwako ayandi matohoza, bishobora gutuma adahabwa Viza.

Ayo mabwirizwa yashohowe, n’ikimenyetso cambere c’ibikogwa prezida Trump yari yaremereye abanyamerika igihe yiyamamaza mukibanza c’umukuru w’igihugu. Trump yemereye abamushigikiye ko hazotangura gukogwa amatohoza akomeye kubanyamahaga binjira muri reta zunze ubumwe za Amerika.

Inzandiko zine zirimwo ayo mabwirizwa yo gusuzuma cane abinjira muri Amerika, zasohotse hagati y’itariki 10 na 17 z’ukwezi kwa gatatu. Yamara, ntizitomora neza imigwi y’abantu abaribo bazokogwako iryo suzumwa ridasanzwe.

XS
SM
MD
LG