Uko wahagera

USA: Abarepublika Basokoye Itegeko Ritegekanya ivy'Ubuvuzi


umukuru w'inama nshingamateka ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Paul Ryan
umukuru w'inama nshingamateka ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Paul Ryan

Amakuru atangwa n’abari ku ngoro y’inama nshingamateka ya Amerika bavuga kw’abashigikiye itegeko ritegekanya ukugene Abanyamerika bivuza ry’Abarepublika vyari bitegekanijwe ko ritorwa ku musi wa gatanu babivuyemwo bisabwe na perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Umukuru w’inama nshingamateka, Paul Ryan na perezida Trump bari bamaze imisi mikeyi irangiye bakora badahengeshanya kugira bashigikirwe bihagije mu mugambi w’ugutuma iryo tegeko rirengana.

Muri ico gihe, ivyatohojwe n’itorokanirizo ry’amakuru , Reuters, vyashikirijwe uno musi ku wa gatanu hafi y’ica kabiri c’abanyamerika bakuze bagera ku gihumbi n’amajana indwi babajijwe batangaje kw’itegeko ritegenya ukugene Abanyamerika bivuza ata karusho rifise umuntu arigereranije n’itegeko ryahahora ryateweko igikumu na Barack Obama yahoze ari perezida, rizwi cane kw’izina rya Obamacare. Abarepublika bariko barondera kurisubiriza.

Mu gitondo co ku musi wa gatanu, umukuru w’inama nshingamateka, Paul Ryan yaciriye ku mayange perezida Trump ku kugene ivyerekeye gusubiriza itegeko ryahahora vyari vyifashe, amasaha makeyi imbere yuko amatora yari atagekanijwe aba mu nama nshingamateka.

Umuvugizi w’ibiro vya perezida, Sean Spicer yabwiye abamenyeshamakuru ko perezida Trump yakoze ivyo ashobora vyose kugira atume itegeko rishasha ritegekanya ukugene Abanyemerika bivuza rirengana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG