Uko wahagera

Kameruni: Yegereyegere Irabandanya mu Karere k'Icongereza


Abashingwamanza bo muri Kameruni, baje gushigikira mugenzi wabo yarengutse imbere ya sentare.

Muri Kameruni, m’uturere two m’uburaruko bushira uburengero, no m’ubumanuko bushira uburengero, ahasanzwe haba abakoresha ururimi rw’icongereza, ubuzima busa n’ubwahagaze mu kiringo c’amezi atanu ahezi. Yegereyegere yatewe n’abigisha hamwe n’abashikirizamanza biyamiriza ikoreshwa ry’ururimi rw’igifaransa ritera ryiyongera mur’utwo turere, yatumye amashure yugara, co kimwe n’amashirahamwe atari make.

Abantu batatu, bari kumwe n’umugwi w’abantu bashika kuri mirongo ibiri na batanu, bari mu batunganije iyo yegereyegere baratawe mu mvuto. Kur’uyu wa kane bari barengutse imbere ya sentare y’igisirikare, yamara urubanza ntigwumvirijwe. Urwo rubanza rwari rwitabiriwe n’abanyagihugu baje kubashigikira, bakavuga ko ari mu ntumbero yo kwifatikanya n’abo bapfunzwe. Abo batawe mu mvuto Sentare ibagiriza ibikorwa vy’iterabwoba, ukugarariza Reta, gutera intureka, kurenga kw’ibwirizwa shingiro n’ibindi.

Inyuma y’aho Prezida Paul Biya wa Kameruni abonaniye na mugenzi we w’Ubutariyano, Sergio Matterella, mur’iyi ndwi, Prezida Biya yatangaje ko muvyo baganiriye harimwo ico kibazo, yamara ko ata kijanye n’ubumwe mu gihugu ciwe kiriko kirigwa. Prezida Biya avuga ko yahumurije mugenzi we w’Ubutariyano ko abenshi mu banyagihugu biwe bipfuza amahoro kandi ko bashigikiye ubumwe n’ubudasa mu gihugu nk’uko ibwirizwa shingiro ribivuga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG