Uko wahagera

Reta ya Kiyisilamu Yiyitiriye Igitero c'i Londres


Reta ya Kiyisilamu yiyitiriye igitero cabaye ejo ku musi wa gatatu hafi y'inama nshingamateka y’Ubwongereza mu gisagara ca Londres. Ico gitero cahitanye abantu batatu, kirangiye umupolisi yarasa uwari yakigize.

Itangazo ryasohotse mw’itororokanirizo ry’amakuru ry'umurwi wa Reta ya Kiyisilamu rivuga ko uwagize igitero, yari umusirikare wayo. Yamara uwo murwi ntiwavuze nimba warafashije mu gutegura n’ugushira mu bikorwa ico gitero. Reta ya Kiyisilamu yavuze ko uwagize igitero yitavye akamo uwo murwi w’iterabwoba wateye k’ukugira ibitero ku basivile n’igisirikare mu bihugu bicuditse n’urunani ruyobowe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika rujejwe kuyirwanya.

Ku byerekeye ico gotero, umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Theresa May, yatangarije inama nshiningamateka kw’umuntu yagize ico gitero yavukiye mu Bwongereza. Yarigaze gutohozwa n’ibiro bijejwe iperereza vy’Ubwongereza, MI-5 ku mpungenge ku vyerekeye n’ivyiyumviro vy’intagondwa.

Yamara uwo mushikiranganji avuga kw’ata makuru y’iperereza bari bafise imbere yaho ku vyerekeye imigambi yiwe canke impamvu ku gitero co ku musi wa gatatu. UMupfasoni Theresa May yatangaje ko abajejwe itohoza bibaza ko yisunze ivyiyumviro vy’intagondwa z’Abayisilamu.

Igipolisi co mu Bwongereza cahagaritse abantu umunani ku bijanye n’igitero co ku musi wa gatatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG