Uko wahagera

ISIS Yiyitiriye Igitero c'i Londres


Umuhari wa reta ya Kiyisilamu wiyitiriye igitero cabaye ejo ku musi wa gatatu hafi y’inama nshingamateka y’Ubwongereza mu gisagara ca Londres. Ico gitero cahitanye abantu batatu, kirangira igihe umupoisi yarasa uwari yagize ico gitero.

Itangazo ryasohotse mw’itororokanirizo ry’amakuru rya Reta ya Kiyislamu rivuga ko uwagize igitero c’ejo ku musi wa gatatu mu gisagara ca Londres, yari umusirikare wa Reta ya Kiyislamu. Yamara Reta ya Kiyislamu ntiyavuze nimba yarafashije mu gutegura n’ugushira mu bikorwa ico gitero.

Reta ya Kiyislamu yavuze ko uwagize ico gitero yitavye akamo uwo murwi w’iterabwoba wateye k’ukugira ibitero ku basivile n’igisirikare mu bihugu bicuditse n’urunani ruyobowe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika rujejwe kurwanya Reta ya Kiyislamu.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Theresa May, yatangaje kw’umuntu yagize ico gitero yavukiye mu Bwongereza. Yarigeze gutohozwako n’ibiro bijejwe iperereza vy’Ubwongereza, MI-5 ku mpungenge ku vyerekeye n’ivyiyumviro vy’intagondwa.

Yamara avuga kw’ata makuru y’iperereza bari bafise imbere yaho ku vyerekeye imigambi yiwe canke impamvu ku gitero co ku musi wa gatatu. Theresa May yatangaje ko abajejwe itohoza bibaza ko yisunze ivyiyumviro vy’intagondwa z’Abayislamu.

Igipolisi co m'Ubwongereza cahagaritse bantu umunanai ku bijanye n’igitero co ku musi wa gatatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG