Uko wahagera

Leta y'u Rwanda Ntiyabonetse Mu Rubanza Rwa Ingabire


A file picture taken on November 10, 2011 shows Rwandan opposition leader Victoire Ingabire posing at the Rwandan High Court in Kigali.
A file picture taken on November 10, 2011 shows Rwandan opposition leader Victoire Ingabire posing at the Rwandan High Court in Kigali.

Sentare y’Afrika ijejwe agateka ka zina muntu iri i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya yaburanishije urubanza rw’umunyarwandakazi Victoire Ingabire atavugarumwe na Reta.

Abamuburanira basavye ko arekurwa kuko afunzwe hahonyanzwe amategeko agenga agateka ka zina muntu. Uruhande rwa Reta y’u Rwanda ntirwitavye. Rwagiriza iyo sentare ko ihengamiye kubagirizwa ivyaha vy’ihonyabwoko ryakorewe Abatutsi muri 1994.

Ababuranira umufasoni Iingabire babwiye ko imyaka hafi umunani igira ihere afunzwe bidakurikije amategeko. Babwiye sentare ko ivyaha vyose yagirizwa ataho bifatiye, ahubwo ko hari abantu bategetswe kumwagiriza kandi bakamurementaniriza nibigirankana.

Babwiye umacamanza ko hariho icaha kimwe Ingabire yagirizwa gikunda kwagirizwa umuntu wese avuze ivyo Reta y’u Rwanda idashaka.

Maître Caroline Buisman, ava mugihugu c’Ubuholande yadomye urutoke kurico caha - Ni ‘’Mininimisation du Genocide” mugifaransa canke “Gupfobya Jenocide” mu Kinyarwanda nkuko yabivuze.

Yamenyesheje ko bitumvikana kuko ico caha kiri muvyatumye Ingabire ahanishwa igihano co gufungwa imyaka umunani ubwambere imbere yuko urubanza rwunguruzwa akongererwa igihano gushika kumyaka 15 yo gufungwa.

Ababuranira Ingabire bamenyesheje kandi nibindi vyaha bise ari nk’iterabwoba yagiriwe. Ivyo navyo ni gukorana n’umuhari witwaje ibirwanisho urwanya Reta FDLR hamwe no gushaka gushiraho iyindi migwi y’abarwanyi, amacakubiri, kuba afise ivyiyumviro vy’ihonyabwoko canke ‘’ingengabitekerezo ya Jenoside” nkuko maître Gatera Gashabana yabivuze mumajambo yiwe.

maître Gatera Gashabana
maître Gatera Gashabana

Kurivyo vyaha hiyongerako gukwirakwiza ibihuha hamwe no guhamagarira abanyagihugu kwanka ubutegetsi.

Uruhande rundi rwa Reta y’u Rwanda hageze ko ruhabwa ijambo ryo kwisigura, uwurongoye sentare yaruhamagaye. Atawitavye, yaciye avuga ko Reta y’urwanda itashimye kwitaba. Yagize ati naho biruko twari twayimenyesheje neza umunsi w’urubanza.

Mwikete u Rwanda rwanditse, rwavuze ko impamvu nyamukuru yo kutitaba ari uko vyagaragaye ko iyo sentare iha ijambo abantu bagirizwa ivyaha vy’ihonyabwoko ryakorewe Abatutsi muri 1994, canke abahunze ubutungane.

Ikindi nuko ngo basaba ko uburenganzira bwabo bwokingirwa, kandi murayo masezerano hatarimwo guha ijambo canke kwakira ikirego c’uwamaze kwagirwa nivyaha nkivyo vya Jenoside.

Abacamanza bari bashashe bari umunani. Umucamanza ava mu Rwanda umufasoni Marie Thérèse Mukamulisa ntiyari murabo. Yari yicaye mubandi banyagihugu n’abaserukira amashirahamwe yigenga baje kumviriza urubanza.

Abo bacamanza bamaze kumviriza imburano zuruhande rumwe, babajije ibibazo bitandukanye. Uwararongoye sentare Juge Syvain Ore ari nawe atwara iyo sentare y’Afrika ijejwe kubahiriza agateka ka zina muntu, yavuze ko bibabaje kubona uruhande rwa Reta y’u Rwanda rutahari kugira narwo rubazwe rwongere rwishure ku bibazo.

Uru rubanza rwa madame Ingabire, ruhuriranye nuko kuva italiki ya mbere z’uku kwezi kwa gatatu, vyemejwe na sentare y’Afrika yubahiriza agateka ka zina muntu ko u Rwanda rutakiri mubihugu vyemerera abanyagihugu bavyo kuyitura kugiti cabo. N’inyuma y’umwaka umwe ico gihugu gisinyuye amasezerano yatanga ubwo burenganzira.

I Kigali, abajijwe impamvu u Rwanda rutabonetse mu rubanza Ministiri w’Ubutungane Johnstone Businjye ntiyifuje kugira ibisobanuro aha abanyamakuru.

Urunani rw’abashingwamanza muri Afrika rubona ko arugugusubiza inyuma ubwigenge bw’abanyagihugu.

Bitegekanijwe ko ingingo yanyuma isomwa mu kiringo kitarenze amezi atatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG