Uko wahagera

USA: Ingingo Ibuza Ordinateri mu Ndege ku Ngenzi


Ingenzi zifata indege ziva mubihugu birenga icumi vyo mu burasirazuba bwo hagati na Afrika y’uburaruko zigana muri Reta zunze ubumwe z’Amerika zigiye kubuzwa kwinjirana mu ndege ordinateri hamwe n’ibindi bikoresho bikoresha ubuhinga bwa none bwo gutumatumanako amakuru.

Iyo ngingo yashizwe ahabona kur’uyu wa mbere na kompanyi y’indege y’igihugu ca Jordaniya hamwe n’ikinyamakuru co muri Arabiya Sawudite kandi yitezwe gushirwa mungiro kuva kur’uyu wa kabiri.

Ibikoresho bidafatwa n’iyo ngingo ni amaterefone ngendanwa hamwe n’ivyuma bifasha abarwayi. Nayo ama ordinateri ngendanwa, ibikinisho vy’abana, ama kamera ntibizemererwa kwinjizwa mundege izoba ije muri Amerika atahandi ibanje guca.

Icatumye iyo ngingo ifatwa nticamenyeshejwe, eka na David Lapan, umuvugizi w’igisata kijejwe gucungera umutekano mugihugu muri Amerika yanse kugira ico abivuzeko.

Ariko amakuru yashikirijwe na televiziyo CNN yo muri Amerika avuga ko iyo ngingo yafashwe kuko abakora iterabwoba bubuye ubundi buhinga bushasha bwo gukora amabombe ashabora gushirwa mur’ivyo bikoresho adahuta abonwa n’ivyuma vyo kubibiga vy’indege.

Iyo ngingo ishobora gutangura kuja mungiro imbere y’inama itegekanijwe kur’uyu wa gatatu I Washington izohuza ibihugu bifise inteko mpuzamakungu ziriko zirwanya umuhari wa Reta ya Kiyisilamu, inama yitezwemwo n’abategetsi bo mubihugu vy’abarabu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG