Umupfasoni Lydia Nsekera niwe yatowe kur’uyu w’Imana n’inama ya bose y’umurwi w’igihugu ujejwe inkino, Comite National Olympique kugira arongore komite nshingwabikorwa y’uwo murwi.
Nsekera yigeze no kurongora ishirahamwe ry’umupira w’amaguru m'Uburundi yatowe kumajwi 37 kuri 58.
Umupfasoni Nsekera agiye gusubirira jenerali majoro Evariste Ndayishimiye ikiringo ciwe cari carangiye.
Mwomenya ko Nsekera yahiganwe na Dieudonné Kwizera, asanzwe arongoye ishirahamwe ryo kwononora imitsi m’Uburundi hamwe na Hatungimigabo Anselme.
Facebook Forum