Uko wahagera

Amerika Yarimye Viza Abagwizatunga ba Afrika


Bur’imwaka Kaminuza ya Southern California yama ikoresha inama mu gisata c’ubutunzi n’iterambere k’umugabane wa Afrika, aho ikoranya abarongozi mu bagwizatunga, mu bategetsi b’ama Reta n’abandi. Yamara uyu mwaka iyo nama nta banyafika bayitabiriye bivuye ko atanumwe yaronkejwe impapuro z’ingendo, visa m’ururimi rw’igifaransa.

Mary Flowers, umuyobozi w’iyo nama yatangaje ko akenshi ibice 40 kw’ijana vy’ababa batumiwe k’umugabane wa Afrika badahabwa viza. Flowers akavuga ko uyu mwaka vyabataganje kubona ata numwe yaronkejwe viza kugira yitabire iyo nama. Ibihugu vyari vyatumiwe vyari Sierra Leone, Guinee, Ghana, Nijeriya, Etiyopiya na Afrika y’Epfo. Flowers yatangaje ko abenshi mubagize iyo nama babifashe nk’ikumirwa ry’ibihugu vya Afrika.

Diane Watson aserukira intara ya Los Angeles mu nama nshingamateka yatangaje ko yahamagaye muri Departema ya Amerika, abaza igituma abaturuka k’umugabane wa Afrika bataronkejwe ama viza. Watson avuga ko Departema ya Amerika yamubwiye ko batemerewe gutanga insiguro y’igituma abantu bataba baronkejwe impapuro zo kwinjira muri Amerika.

Iruhande y'icuka kimaze iminsi muri Amerika kubera abanyamahanga binjira k’ubutaka bwa Amerika, abantu benshi batari k’urutonde rw’ibihugu vyabujijwe kwinjira muri Amerika, baramaze kubura ama viza. Ibiro vy’abaserukira Amerika mu makungu bikaba gushik’ubu bidatanga insinguro kur’ico kibazo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG