Uko wahagera

Tombola ya UEFA Champions League


UEFA Champions League
UEFA Champions League

Tombola ya kimwe ca kane c’igikombe c’imirwi yabaye iya mbere mu karere k’i Bulaya yabaye uno musi ku wa gatanu.

Umurwi Bayern Munich wo mu gihugu c’Ubudagi uzohura na Real Madrid wo muri Espagne, Barcelona wo muri Espagne uzohura na Juventus wo mu Butaliyano, Borussia Dortmund uzohura na Monaco wo mu Bufransa, mu gihe Atletico Madrid wo muri Espagne uzohura na Liecester wo mu Bwongereza.

Espagne iserukiwe n’imirwi itatu, Ubudagi n’imirwi ibiri, Ubutaliyano, Ubwongereza n’Ubufransa biserukiwe n’umurwi umwe umwe.

Umurwi Real Madrid uzohura na Bayern Munich umenyerezwa na Carlo Ancelotti yahoze awumenyereza.

Ancelotti muri iki gihe afise imyaka 57, yafashije Real Madrid gustinda igikombe kigira 10 c’imirwi yabaye iya mbere mu karere k’i Bulaya mu mwaka w’i 2014. Umurwi Real Madrid watsinze mu gice ca nyuma Atletico Madrid ibitsindo bine kuri kimwe inyuma y’umwanya w’iminuta mirongo icenda yahariwe mu bisanzwe urukino rw’umupira w’amaguru.

Ancelotti ariko arondera kuba umumenyereza wa mbere ashobora gutsinda igikombe c’imirwi yabaye iya mbere mu karere k’i Bulaya n’imirwi itatu itandukanye y’umupira w’amaguru. Yatsinze ico gikombe incuro zibiri n’umurwi AC Milan.

Barcelona uzohura na Juventus inyuma yuko iyo mirwi ihuye mu gice ca nyuma c’igikombe c’imirwi yabaye iya mbere mu karere k’i Bulaya mu mwaka w’i 2015.

Barcelona watsinze Juventus ibitsindo bitatu kuri kimwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG